Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Impaka nyuma y'uko Inteko ya Uganda yanze Minisitiri w'Umunyarwanda uherutse kwemezwa na Museveni

Lawrence Muganga ashimangira ko ari Umunyarwanda ariko ko nta bwenegihugu bw'u Rwanda agira, atavukiye mu Rwanda kandi atahatuye.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana, Gildas Yihundimpundu na Samba Cyuzuzo

  1. Impaka nyuma y’uko Inteko ya Uganda yanze Minisitiri w’Umunyarwanda uherutse kwemezwa na Museveni

    Inteko ishingamategeko ya Uganda ku wa kabiri yanze kwemeza Lawrence Muganga nk’umwe mu bantu baherutse gushyirwa muri guverinoma na Perezida Yoweri Museveni ivuga ko afite ubwenegihugu bwinshi kandi bitemewe mu mwanya yahawe.

    Havutse impaka zikomeye ku bwenegihugu bwe n’ubwoko bwe, zikigarukwaho n’ubu muri iki gihugu cyo mu majyaruguru y’u Rwanda.

    Lawrence Muganga wagizwe umunyamabanga wa leta ushinzwe ibikorwa by’imbere mu gihugu, ashimangira ko ari Umunyarwanda - bumwe mu bwoko bwemewe muri Uganda - ariko ko nta bwenegihugu bw’u Rwanda agira, atavukiye mu Rwanda kandi ataba mu Rwanda.

    Ku wa kabiri inteko ya Uganda yemeje abandi bantu bagenwe muri guverinoma ariko yanga ibisobanuro byatanzwe na Muganga ku bwenegihugu bwe, yanga kumwemeza mu mwanya yahawe.

    Daudi Kabanda, umwe mu badepite mu nteko ishingamategeko ya Uganda, yatangaje ku mbuga nkoranyambaga ko Muganga atemejwe kubera ko ari Umunyarwanda, kuko ngo “hari n’abandi Banyarwanda bemejwe kuri iyi nshuro na mbere yayo, ariko b’abaturage ba Uganda”.

    Kabanda avuga ko Muganga atemejwe nyuma y’uko ahakanye ko afite pasiporo y’u Rwanda “mu gihe komite yakoze iperereza ikemeza ko afite pasiporo eshatu; iya Uganda, iya Canada n’iy’u Rwanda”.

    Kabanda avuga ko ibivugwa ko Muganga atemejwe kuko ari Umunyarwanda ari “ibinyoma, biyobya kandi biteye akaga”.

    Lawrence Muganga nta cyo aratangaza nyuma y’uko inteko ishingamategeko yanze kumwemeza.

    Ibinyamakuru muri Uganda bivuga ko abandi bantu baherutse gushyirwa muri guverinoma na Museveni ku wa kabiri bahaswe ibibazo ku bundi bwenegihugu bafite.

    Ibinyamakuru bivuga ko barimo Adonia Ayebare wagizwe Minisitiri w’ububanyi n’amahanga bivugwa ko afite ubwenegihugu bw'Amerika, na Calvin Echodu na we bivugwa ko afite ubwenegihugu bw'Amerika. Abo ngo bakaba baremeye kureka ubwo bwenegihugu bakagumana ubwa Uganda.

    Itegeko muri icyo gihugu ribuza abafite ubwenegihugu bubiri cyangwa bwinshi gufata imirimo imwe n’imwe ya leta harimo iyo ku rwego rwa minisitiri.

    Izindi nkuru wasoma:

  2. RD Congo: OMS ivuga ko igitigiri c'abikekwa kwandura Ebola cagabanutse gishika ku 116

    Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) ryatangaje ko abantu bamaze kwemezwa ko banduye Ebola muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) ari 334, mu gihe abikekwa ko bayanduye ari 116.

    Ico gitigiri cerekana ko abikekwa ko banduye Ebola cagabanutse ku rugero rukomeye, inyuma y’aho habaye amatohoza yimbitse.

    Imbere y'aho, hari hatangajwe ko abarenga 1,000 bicyekwaga ko banduye Ebola.

    Reta ya RDC na yo nyene iremeza ico gitigiri c’abantu 116. Ivuga ko mu bantu 334 bamaze kwemezwa ko banduye Ebola, harimwo 60 bamaze gupfa, mu gihe abandi 173 bakekwa ko banduye bataramuriwe mu bibanza vyabigenewe.

    Intara ya Ituri, aho ikiza ca Ebola catanguriye, ni yo yiziziwe cane kurusha izindi. Ifise abantu 322 banduye na 46 bapfuye.

    Ikurikirwa n’intara ya Kivu ya Ruguru ifise 19 banduye na 13 bapfuye. Muri Kivu y’Epfo na ho, hatowe abantu 3 banduye, umwe akaba yarapfuye.

    Mu gihugu ca Uganda, gisanzwe ari kimwe mu bihana urubibe na RDC, haramaze kwemezwa abantu 9 banduye Ebola n’umwe yahitanywe na yo, nk’uko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, risubiramwo ivyo umuvugizi wa OMS, Christian Lindmeier, yavugiye i Genève.

    Ariko inyuma y’aho, nk’uko Reuters ibandanya ibivuga, umushikiranganji w’amagara muri Uganda yemeje abandi bantu 6 bashasha banduye Ebola, bituma igitigiri c’abamaze kwemezwa ko bayanduye muri ico gihugu kigera kuri 15.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Abantu barindwi bishwe nyuma yuko 'drone' irashe kuri bisi mu gice kigenzurwa n'Uburusiya muri Ukraine

    Abantu barindwi bishwe naho abandi 11 barakomereka mu gitero cy’indege nto y’intambara itajyamo umupilote (drone) cyagabwe ku modoka ya bisi itwara abagenzi yari irimo kunyura mu gice cya Ukraine kigenzurwa n’Uburusiya,nkuko umutegetsi yabivuze.

    Denis Pushilin, umutegetsi washyizweho n’Uburusiya w’akarere ka Donetsk ko mu burasirazuba bwa Ukraine, yavuze ko iyo bisi yarashweho mu masaha ya kare yo kuri uyu wa gatatu, ubwo yari irimo kugenda hagati y’umurwa mukuru Moscow w’Uburusiya n’umujyi wa Simferopol wo ku mwigimbakirwa wa Crimea wigaruriwe n’Uburusiya.

    Mu gitondo cyo kuri uyu wa gatatu, umwotsi wanabonetse uzamuka hejuru y'umujyi wa St Petersburg mu Burusiya. Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yemeje ko igice kinyuramo ibikomoka kuri peteroli cyo muri uwo mujyi cyarashweho.

    Icyo gitero kibaye mu gihe kuva kuri uyu wa gatatu uwo mujyi wakira inama mpuzamahanga ngarukamwaka ku bukungu, inama iba igamije kumurika Uburusiya mu ruhando mpuzamahanga.

    Icyo gitero cya ‘drone’ kibaye nyuma y’umunsi habaye igitero gikomeye cy’Uburusiya ku mijyi yo muri Ukraine cyishe abantu nibura 22, barimo n’abagore benshi n’abana benshi.

    Andriy Kovalenko, umukuru w’ikigo cya leta ya Ukraine cyo kurwanya amakuru atari ukuri akwirakwizwa ku bushake, yavuze ku “kuri kubangikanye” kuremwa n’icengezamatwara rya leta y’Uburusiya, mu gihe atahakanye byeruye ibivugwa byuko igitero cyabaye.

    Abategetsi bo mu Burusiya bongeyeho ko 'drones' zahanuwe hejuru y'umujyi wa Belgorod, Kursk n'utundi turere two mu burengerazuba, hamwe no hafi y'umurwa mukuru Moscow ndetse no hejuru y'inyanja ya Azov.

    Zose hamwe, Uburusiya buvuga ko mu ijoro ryacyeye bwahanuye ‘drones’ za Ukraine zirenga 350.

    ‘Drones’ nibura 50 zahanuriwe hejuru y’akarere ka Leningrad kari mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bwa Moscow, nkuko Guverineri Alexander Drozdenko w’ako karere yabivuze.

    Ako karere karimo n'umujyi wa St Petersburg, wakiriye intumwa zivuye mu bihugu binyuranye ku isi zitabiriye iyo nama mpuzamahanga ku bukungu itangira uyu munsi.

    Abateguye iyo nama bavuga ko intumwa ziturutse mu bihugu n’uturere byose hamwe birenga 130, zitabira iyo nama, harimo na Visi Perezida w’Ubushinwa Han Zheng, Perezida wa Uzbekistan na Perezida wa Tanzania.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Canada yasavye icese ikiringo gishasha c'imyaka 16 y'amasezerano y'ubudandaji na Amerika

    Canada yasavye icese ko amasezerano y’ubudandaji bwidegemvya (free trade) ahuza Canada, Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Mexique, azwi kw’izina rya USMCA, yongerwa iyindi myaka 16, mu gihe ikiringo ntarengwa c’ukwezi kw’indwi co gusubira kuyaganirako cegereje.

    Mw’itangazo yasohoye ku wa kabiri, Umushikiranganji wa Canada ajejwe ubudandaji hagati ya Canada na Amerika, Dominic LeBlanc, yasiguye ko ayo masezerano yagiriye akamaro kanini ivyo bihugu bitatu.

    Ibi LeBlanc abishikirije mu gihe ari mu rugendo i Washington aho yagiye kuganira n’uwuserukira Amerika mu vy’ubudandaji, Jamieson Greer.

    Greer yaheruka kurangiza urukurikirane rw’ibiganiro vy’ubudandaji hagati ya Amerika na Mexique. Ariko ibiganiro hagati ya Canada na Amerika vyagiye vyikwega kurusha ivyo vya Mexique.

    Muri iryo kete, LeBlanc ashimangira ko ayo masezerano azwi nka USMCA - akitwa kandi CUSMA muri Canada - aha ibihugu vya Amerika ya ruguru akarusho mu guhiganwa n’ibindi bihugu kw’isi.

    Yongerako ko Canada yemera ko hari ibice bimwe bimwe vy’ayo masezerano bikwiye gusubirwamwo, kandi ko yipfuza kwihweza ivyiyumviro vyose vyofasha gutsimbataza iterambere rirama ry’ivyo bihugu bitatu.

    Mexique na yo nyene yatangaje ko ishigikiye ko ayo masezerano yongerezwa ikiringo.

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, ntaherutse kugira ico ashikirije ku biganiro vy’ubucuruzi hagati ya Amerika na Canada.

    Ariko ku wa mbere, yongeye kuvuga ko Canada yoshobora kuba "intara ya 51" ya Amerika, mu butumwa yashize ku rubuga rwa Truth Social, aho yasangije inkuru yavuga ko ubutunzi bwa Canada buriko bugenda bukebuke.

    Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Mark Carney, yaremeye ku wa kabiri ko ubutunzi bw’igihugu buriko burerekana "intege nke zimwe zimwe".

    Hamwe Canada, Amerika na Mexique bitoshika ku masezerano yo kwongera USMCA bitarenze igenekerezo rya 1 Mukakaro (7), ayo masezerano azoca asubirwamwo buri mwaka gushika mu mwaka wa 2036.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Amerika: Umushingamateka amaze igihe kinini atawuzi iyo ari yatsinze amatora

    Umushingamateka wo mu mugambwe w'aba Républicains, Tom Kean Jr., yari amaze amezi ataboneka i Washington canke mu karere aserukira ka New Jersey, yararonse ku wa kabiri itike y'umugambwe wiwe yo gusubira kwitoreza ico kibanza, inyuma y’uko mu misi iheze ashigikiwe na Perezida Donald Trump.

    Trump yanditse ku mbuga ngurukanabumenyi ati: "Tom Kean arafise ugushigikirwa kwanje kwose kandi kutagira agahaze kugira asubire gutorerwa ico kibanza."

    Yongeyeko ati: "Ntazokwigera abahemukira!"

    Kean ntiyari afise uwo bahiganwa mu matora y'imbere mu mugambwe w'aba Républicains. Ku bw’iyo mvo, ntiyari akeneye kwiyamamaza kugira arondere amajwi.

    Yamara, ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko amaze igihe atagaragara no mu nama nshingamateka, aho yasivye mu bikorwa vyo gutora birenga 100.

    Mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa Munyonyo (11), Kean azohiganwa na Rebecca Bennett wo mu mugambwe w'aba Démocrates, yahoze atwara kajugujugu mu gisirikare co mu mazi ca Amerika, na we nyene akaba yatsinze amatora y'imbere mu mugambwe wiwe ku wa kabiri.

    Kean aheruka kuboneka kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante (3). Abakozi biwe batangaje muri Ndamukiza (4) ko yari afise ingorane z'amagara.

    Ariko kuba abandanya ataboneka vyatumye abantu benshi muri Amerika bibaza vyinshi, bikaba vyabaye inkuru ikurikiranwa cane mu gihugu.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Espagne yabujije umukino wa gicuti wa DR Congo na Chile kubera ubwoba bwa Ebola

    Umukino wa gicuti w’ikipe ya DR Congo na Chili wagombaga kubera muri Espagne mu cyumweru gitaha wahagaritswe nyuma y’uko abategetsi baho batangaje impungenge zabo ku kiza cya Ebola kuvugwa muri icyo gihugu cya Afurika.

    Juan Franco ukuriye umujyi wa La Linea de la Conception, yasinye itegeko ribuza uwo mukino gukomeza nk’uko byari biteganyijwe, wari kuba ku wa kabiri utaha tariki 09 Kamena.

    Icyo cyemezo ngo ni “ingamba yo kwirinda” kandi ngo cyashingiwe ku nama zatanzwe n’urwego rushinzwe ubuzima rw’akarere ka Andalusie ndetse n’urwego rw’ubuzima rw’uwo mujyi.

    Ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru muri DR Congo ryatangaje ko iyi kipe n’abari kumwe na yo bubahirije ingamba zose z’ubwirinzi z’ubuzima kandi bubahiriza amabwiriza yose mpuzamahanga.

    Mu itangazo, FECOFA yongeraho ko iri mu biganiro n’abashinzwe umupira w’amaguru muri Espagne kugira ngo uwo mukino wongere kwemererwa kuba.

    Umujyi wa La Linea wo ku mwaro, uzwiho kuba utuwe n’abantu bagera ku 65,000 kandi uherereye hafi y’umupaka wa Gibraltar, wari kwakira uyu mukino w’aya makipe yombi arimo kwitegura kuzajya mu gikombe cy’isi kizatangira mu cyumweru gitaha.

    Les Léopards ya DR Congo ubu irimo kwitoreza mu Bubiligi nyuma y’uko bahagaritse imyiteguro yari kubera i Kinshasa kubera ubwoba bwa Ebola ivugwa mu burasirazuba bw’igihugu.

    Byitezwe ko kuri uyu wa gatatu DR Congo ikina umukino wa gicuti na Denmark i Liege mu Bubiligi.

    Mu gikombe cy’isi DR Congo izaba iba mu mujyi wa Houston muri Amerika, iri mu itsinda K kandi izatangira ikina na Portugal tariki 17 z’uku kwezi, nyuma ijye i Guadalajara muri Mexique gukina na Colombia, mbere yo kugaruka muri Amerika gukina na Uzbekistan i Atlanta.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Amerika na Iran basubiriye kurasana mu gihe ibiganiro vyo kurangiza intambara vyadindiye

    Igisirikare ca Amerika kivuga ko cagavye ibitero vyo "kwivuna" kuri Iran kandi ko cakoroye misire zo mu bwoko bwa 'ballistique' na 'drones' vyari birashwe ku mato no ku bihugu vyo mu kigobe.

    Nk’uko kimwe mu bisata birongoye ingabo za Amerika (CENTCOM) kibivuga, ivyo bitero vyatumberejwe kw’izinga rya Queshm, mu muhora wa Hormuz, vyagabwe “mu gusubiza ibitero Iran yari igerageje kugaba mu buseruko bwo hagati”.

    Iran yavuze ko yihoye mu kugaba ibitero ku birindiro vy’igisirikare n’indege za kajugujugu vya Amerika biherereye mu “gihugu co mu ka karere” ikoresheje misire na ‘drones’.

    Ibi bitero bibaye mu gihe ibiganiro vyo kwongereza agahengwe vyandindiye, inyuma y'uko kandi ibiganiro vyari bigamije guhagarika intambara imaze amezi hagati y'impande zompi bidateye imbere mu mpera z'indwi iheze.

    CENTCOM yabandanije ivuga ko igitero cagabwe kw’izinga rya Qeshm cari kigamije gusambura ikigo c'igisoda ca Iran gicungera ibikorwa vya gisirikare kiri ku butaka.

    Yavuze kandi ko igisoda ca Amerika carashe kirakorora ‘drones’ zitatu zigaba ibitero zari zirungitswe na Irani zerekeza ku "mato y’abasivile yariko arengana mu mazi yo muri ako karere mu buryo bwemewe n'amategeko".

    Ingabo zidasanzwe zijejwe gukingira ubutegetsi bwa kiislam muri Iran (IRGC) zavuze ko "ihungabanywa iryo ari ryo ryose ry’umuhora wa Hormuz rizogira ingaruka zikomeye ku gisirikare ca Amerika".

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.