Kuva mw'ijoro rya Pasika ku wa gatandatu, ibirori birabandanya mu mpande zitandukanye z'isi yose mu guhimbaza umusi mukuru ukomeye cane mu kirangamisi c'abakristu/Abakristo: Pasika.
Yezu/Yesu yazutse ku wa Mungu wa Pasika, nk'uko Bibiliya ibivuga, inyuma y'imisi apfiriye ku musaraba ku wa Gatanu Mweranda. Ni umugenzo ku batari bake kwitabira imisa y'umugoroba wo ku wa gatandatu buca ari uwa Mungu wa Pasika.
Ng'aya mamwe mu mafoto y'ingene vyagenze.
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Inyuma y'umusi umwe vyanse ko yitabira ibirori ku munota wa nyuma, Papa Fransisko yitabiriye igiteramo c'amasaha abiri i Vaticano
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Igihe vyankiye ko Papa Fransisko yitabira urugendo rwo ku wa Gatanu Mweranda, abatari bake baciye batangura kugira amakenga ku magara yiwe.
Ahavuye isanamu, GIUSEPPE LAMI/EPA-EFE/REX/Shutterstock
Insiguro y'isanamu, Yasomye ijambo rirerire hanyuma arabatiza n'abatari bake imbere y'ubutumwa bwiwe bwa Pasika mu gatondo ko kuri uno wa Mungu
Insiguro y'isanamu, Mu ntara ya Grand Manille/Metro Manila muri Philippines, abana bambaye nk'abamalayika baboneka bariko barasenga imbere y'ibirori vy'ijoro rya Pasika
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Ahitwa Fort Jesus mu karere ka Kibera k'umugwa mukuru wa Kenya Nairobi, abakristu bakiri bato hamwe n'abakuze bakoraniye hamwe badomeka amabuji
Ahavuye isanamu, Daniel Irungu/EPA-EFE/REX/Shutterstock
Insiguro y'isanamu, Abapatiri bayoboye imisa mu gucana ibicaniro hanze y'isengero imbere yo kwinjira
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Muri Iraki, naho nyene ntibasigaye inyuma, aha umwana yafotowe yegereye kugira asome umusaraba mu gihe c'ibirori vya Pasika
Ahavuye isanamu, MARTIN DIVISEK/EPA-EFE/REX/Shutterstock
Insiguro y'isanamu, Muri Repubulika ya Tchèque, ibirori vyo guhimbaza Pasika vyabereye ku Kirimba ca Prague (umugwa mukuru) mu kwibuka ubuzima bwa Yezu Kristu/Yesu Kristo