Equateur: Abitwaje inkoho bateye imboneshakure y'igihugu iriko ishikiriza ibiganiro ikibiriraho
- Umwanditsi, Na Marita Moloney & Patrick Jackson
- Igikorwa, BBC News
Abagabo bitwaje inkoho bambaye nâudupfukamunwa biteye muri studio yâimboneshakure yariko ishikiriza ibiganiro ikibiriraho bafata mpiri abakozi bari batekewe nâubwoba.
Abakozi bategetswe kuryama hasi muri ico gihe iyo mboneshakure yâigihugu TC yo mu gisagara ca Guayaquil yariko ishikiriza ibiganiro ikibiriraho imbere yâuko bicibwa.
Igipolisi kivuga ko cahavuye kibohoza aba bakozi bose, maze gihagarika 13 muri aba bitwaje inkoho, cerekana nâibirwanisho cafashe.
Abantu nibura 10 ni bo bamaze kwicwa kuva hatangajwe amategeko yo mu bihe bidasanzwe yâimisi 60 muri Equateur/ Ecuador ku wa mbere.
Ano mategeko adasanzwe yatangajwe inyuma yâaho inkozi yâikibi karuhariwe atorokeye mu cumba câibohero yari apfungiwemwo.
Ntibiramenyekana neza nimba iki gitero gifitaniye isano nâiri toroka muri iki gisagara gisanzwe kibamwo umukuru wâumurwi wâinkozi zâikibi uzwi nka Choneros, Adolfo MacĂas Villamar, azwi cane kwâizina rya Fito.
Mu gihugu kibanyi ca Peru, reta yategetse igipolisi kurungika ingabo ku mupaka kugira kizibire umutekano muke ntuhave utandukira ubutaka bwaco.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriyamiriza ibi âbitero biteye isoniâ muri Equateur kandi ko ziriko âzikorana mu buryo bwa hafiâ nâumukuru wâigihugu Daniel Noboa na reta yiwe, kandi ko âziteguye gufashaâ.
Equateur ni kimwe mu bihugu vya mbere kwâisi bishora ibitoke hanze, ariko kandi kikaba gishoraamavuta, ikawa, cocoa, hamwe nâamafi yâubwoko butandukanye.
Ukwiyongera kwâubukozi bwâikibi imbere no hanze yâamabohero bifitaniye isano nâintambara hagati yâimirwi icuruza ibiyayuramutwe, hanze no mu gihugu hagati, irwanira kwigarurira amayira acishwamwo urumogi rushorwa muri Amerika nâi Bulaya.
Muri iki gitero ca nijoro ku wa kabiri mu nyubakwa yâino mboneshakure, umwe muri aba bateye yafatiye inkoho nini kuri umwe mu bari bafashwe mpiri, yongera aterwa nâubwoba nâumwe yari afise inkoho ntoya yo mu bwoko bwa revolver.

Ahavuye isanamu, EPA

Ahavuye isanamu, Reuters
Humvikana ijwi ryâumugore yariko atakamba, "Ntimurase, ndabasavye ntimurase", nkâuko vyandikwa nâitororokanirizo ryâamakuru AFP, mu gihe humvikana umuntu yariko araboroga bisa nkâaho yari ababaye.
Mu butumwa bwa WhatsApp, umukozi yabwiye AFP ati: "Ni ukuri, binjye baje kutwica. Mana ntiwemere ko ibi biba. Abagizi na nabi bariko bakurikiranwa ikibirirahoâ.
Igipolisi cashize ku mbuga hwaniro videwo yerekana abakekwa gukora iki gitero bahagaritswe, kikavuga ko abagikoze âbazotegerezwa guhanwa kubera ibikorwa vyâiterabwobaâ.
Ku wa kabiri, Perezida Noboa yavuze ko hadutse âintambara yo hagatiâ mu gihugu kandi ko yariko asaba ingabo za gisirikare âgutegura ibitero vya gisirikare vyo gutuzaâ ico yise âubugizi bwa nabi njabukabihugu, imirwi yâiterabwoba, nâimirwi itegamiye amareta ihanganyeâ.
Yariko avuga ku bijanye nâurukurikirane rwâimvururu ziheruka mu mabohero hamwe nâabaherutse gutoroka, be nâibikorwa vyâubugizi bwa nabi abategetsi begeka ku mirwi yâinkozi zâikibi.
Itegeko bwirizwa ryiwe ryashize ku rutonde imirwi Choneros (witiriwe igisagara ca Chone mu ntara ya Manabi) hamwe kandi nâiyindi mirwi 21: Aguilas, AguilasKiller, AK-47, Caballeros Oscuros, ChoneKiller, Covicheros, Cuartel de las Feas, Cubanos, Fatales, Ganster, Kater Piler, Lagartos, Latin Kings, Lobos, Los p.27, Los Tiburones, Mafia 18, Mafia Trebol, Patrones, R7 na Tiguerones.
Iri bwirizwa rishingiye ku mategeko adasanzwe yashinzwe ku wa mbere, ashiraho ingingo ya guma mu rugo mu kugerageza gutuza ubugizi bwa nabi inyuma yâitoroka rya Fito. Inzego zâumutekano ziriko zigerageza kugarukana umutekano mu mabohero nibura atandatu yadutsemwo imigumuko ku wa mbere.
Abantu umunani barishwe abandi batatu barakomereka mu bitero bifitaniye isano nâimirwi yâinkozi zâikibi i Guayaquil ku wa kabiri, mu gihe abapolisi babiri bishwe ânâimirwi yâinkozi zâikibiâ mu gisagara kibanyi ca Nobol, nkâuko igipolisi kibivuga.
Mu gisagara ca Riobamba, impfungwa zababa 40, harimwo uwundi mutware wâumurwi udandaza ibiyayuramutwe, baratorotse ibohero.
Abapolisi nibura indwi na bo nyene baranyurujwe mbere na videwo iriko izunguruka ku mbuga hwaniro yerekana batatu muri bo bicaye hafi barabishijweko inkoho mu gihe umwe ariko ategekwa gusoma ubutumwa buhabwa Perezida Noboa, nkâuko AFP ibivuga.
Uno mupolisi avuga ati: "Waratangaje intambara, uzobona intambara. Waratangaje amategeko yo mu bihe bidasanzwe. Dutangaje ko abapolisi, abasivire nâabasirikare ari bo bazogwa mu mporero yâino ntambaraâ.
Igipolisi categetse ko abantu bava mu nyubakwa ya reta i Quito ku mvo zâumutekano.
Ababa i Quito babwiye itororokanirizo ryâamakuru Reuters ko igisagara kiri mu kajagari kuva hasohotse amakuru yâiki gitero ku mboneshakure i Guayaquil.
Mario Urena ati: "Hari ubwoba bwinshi cane muri iki gisagara. Ku kazi abantu bariko barataha hakiri kare. Abantu bose bariko barataha, hari uruhagarara rwinshi mu mabarabara nâinzamba zo kugabisha hose. Hari akajagariâ.
Abandi baba mu gisagara ca Cuenca babwiye AFP ingene bagize umubabaro babonye ingene ino mboneshakure yafashwe.
Francisco Rosas ati: "Muri Equateur, ntitwari bwigere tubona ibintu nkâibi, aho igitangazamakuru gisa nâigifashwe, tubona amasanamu yâamasasu nâayâabantu bafashwe mpiri.
"Hari ingorane nyabaki mu gisata câumutekano? None nimba inyubakwa yâimboneshakure ishobora guterwa nâububandi nkâubu, igitero nkâiki, ca wiyumvira amaduka nâamazu yâuburiroâ.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri ino myaka ya vuba, amabohero yo muri ico gihugu yariziziwe nâimishamirano hagati yâabanywanyi bâimirwi yâinkozi zâikibi ihanganye bapfunzwe, akenshi ikandurukamwo igandagurwa ryâimpfungwa nyinshi.
Choneros ni umurwi wâubugizi bwa nabi ukomeye cane mu mabohero ufatwa ko ari wo uri inyuma yâimvururu nyinshi zahitanye abantu ndetse nâimishamirano yadutse mu mabohero ya Equateur mu myaka ya vuba.
Bivugwa ko Fito yatorotse hasigaye amasaha make ngo yimurirwe ahandi nkâuko vyari vyateguwe. Babiri mu bacungera ibohero bafashwe bagirizwa ko boba baramufashije gutoroka.
Itoroka ryiwe kandi ni ingorane kuri reta ya Perezida Noboa yimitswe muri Munyonyo (11) inyuma yâintsinzi yatahukanye mu matora yagandaguriwemwo umwe mu bariko baritoreza ikibanza câumukuru wâigihugu akongera akaba umunyamakuru, Fernando Villavicencio.
Bivugwa ko Villavicencio yoba yaratewe ubwoba na Fito imisi mike imbere yâuko yicwa arashwe mu gihe yari avuye mu myiyamamazo i Quito.












